Uko wahagera

Joe Biden Muri Turukiya


Icegera c'umkuru w'igihugu ca Amerika Joe Biden aramukanya n'umushikiranganji wa mbere wa Turukiya Binali Yildirim.
Icegera c'umkuru w'igihugu ca Amerika Joe Biden aramukanya n'umushikiranganji wa mbere wa Turukiya Binali Yildirim.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika Joe Biden yamenyesheje ko Amerika ataco yar’izi kijanye n’integuro yo gutembagaza ubutegetsi muri Turukiya kandi ko batazigera bashigikira inyifato nk’iyo igayitse yakozwe n’abasirikare.

Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru k’umurwa mukuru Ankara kur’uyu wa gatatu ahejeje kubona n’umushikiranganji wa mbere wa Turukiya Binali Yildirim.

Biden yatangaje kandi ko Amerika izotanga imfashanyo zose zikenewe kuri Turukiya kugira demokarasi ishinge imizi mur’ico gihugu kandi ko bazokomeza imigenderanire na nyaburya Turukiya ar’igihugu ngirakamaro mu nteko za NATO.

Biden yashitse muri Turukiya kur’uyu wa gatatu mugihe abasirikare ba Turukiya ari naho batangura ibitero vya mbere muri Siriya k’umuhari wa reta ya Kiyisilamu no ku barwanyi b’abayisilamu bo m’ubwoko bw’Abakurde.

Indege z’intambara z’Amerika zafashije mur’ivyo bitero. Biden yarabonanye kandi na Perezida Recep Tayyip Erdogan.

Kur’uyu wa gatatu kandi Perezida Erdogan yongeye gusaba ko Amerika yokwohereza muri Turukiya umunyedini Fethullah Gulen ari muri Amerika, yagirizwa na Turukiya ko ari k’umutwe w’abashatse gutembagaza ubutegetsi

Amerika yari yamenyesheje kuwa kabiri ibicishije kuri deparotema ya reta ko baronse urwo rwandiko ariko ko rudasobanura uruhara yagize mur’uko gushaka gutembagaza ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG