Uko wahagera

Riek Mashar Ari Kuvurirwa I Khartoum Muri Sudani


Uwahoze ar’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri Sudani yo m’ubumanuko Riek Machar ari I Khartoum k’umurwa mukuru wa Sudani kwivuza.

Ivyo vyamenyeshejwe ejo kuwa kabiri n’umusikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru wa Sudani, Ahmed Bilal, abibwiye abamenyeshamakuru. Yamenyesheje kandi ko aremvye cane.

Bilal amenyesha ko Riek Machar arwaye mu gikiriza kandi afise n’ingorane z’amaguru zavanye nuko yagize ingendo ndende agenda n’amaguru mu misi irenga 15.

Amenyesha kandi ko ayo makuru yamenyeshejwe abategetsi b’I Juba k’umurwa mukuru wa Sudani yo mu Bunmanuko.

Machar yahungiye mw’ishamba inyuma y’aho habereye gutana mu mitwe hagati y’abarwanyi biwe n’abasirikare ba reta ya Sudani yo m’Ubumanuko mu nyuma abona gutorwa n’abasirikare ba MONUSCO muri Kongo aho bamusanze yarakomeretse ukuguru.

Umushikiranganji Bilal amenyesha kandi ko Mashar azoguma avurirwa muri Sudani mu nyuma azoce ahitamwo wenyene ubwiwe igihugu yipfuza kujamwo.

XS
SM
MD
LG