Uko wahagera

Ubutaliyano: Abantu Barenga 70 Bahitanwe na Nyamugigima


Abajejwe gutabara Bariko Bakura abantu mu bibomoke.
Abajejwe gutabara Bariko Bakura abantu mu bibomoke.

Abantu 73 nibo bahitanwe na nyamugigima yabaye mu gihugu c’Ubutaliyano mu gatondo ka kare ko kur’uyu wa gatatu, yonona ibintu bitari bike.

Abahinga muvy’ubutaka bavuga ko iyo nyamugigima yar’ifise manyitide 6.2 yasinzikaje akarere kari ku bilometero 10 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Norcia.

Iyo nyamugigima yarumvikanye kandi no k’umurwa mukuru Roma ku bilometero bishika 150.

Abajejwe ibikorwa vyo gutabara m’Ubutaliyano bavuga ko abantu bashika mu majana bakomeretse abandi batari bake ntibafise aho barambika umusaya.

Iyo nyamugigima yo kur’uyu wa gatatu yabereye hafi y’igisagara ca Aquila, naco nyene cibasiwe na nyamugigima nk’iyo mu mwaka w’2009, ihitana abashika 300.

XS
SM
MD
LG