Uko wahagera

USA: Perezida Obama Yagendeye Louisiana Yasinzikajwe n'Imyuzurane


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barak Obama, yagize urugendo rwiwe rwa mbere, ku musi wa kabiri, muri Reta ya Louisiana, aho umyuzure y’amazi yasinzikaje ibice binini vy’iyo Reta.

N’urugendo rwa mbere perezida Obama, agize muri Reta ya Louisiana, kuva igihuhusi n’imyuzure y’amazi ibaye, muri ako karere, hagati y’italiki umunani n’italiki 14 z’ukwezi kw’umunani.

Iyo myuzure yahitanye abantu cumi na batatu, yonona amazu arenga ibihumbi mirongo itandatu, mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko barondera aho baba barakitse umusaya. Reta imaze gutanga imiliyoni iajana na mirongo ibiri n’bindwi y’amadolari.

Abantu barenga ibihumbi ijana na bitanu basavye imfashanyo ya Reta.

Imiliyoni mirongo ibiri y’amadolari niyo imaze gutangwa gushika ubu.

Perezida Obama, yizeye guhumuriza abazinzikajwe n’imyuzure y’amazi, mu kubabwira ko Reta yiwe ishira imbere kubafasha kuva mu makuba yabashikiye.

Perezida Obama, yagendeye igice casinzikajwe n’imyuzure y’amazi mu gisagara ca East Baton Rouge.

Yatangaje ababa muri ico gice batari bonyene muri ayo makuba. Kw’igihugu cose kiri mumwe nabo kandi kizobandanya kubafasha n’igihe itangazamakuru ritazoba rigikwirikirana ivyabeye muri ico gisagara.

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yagendeye igisagara ca Baton Rouge, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Yarabonanye n’ababa muri ico gisagara, aregendera bimwe mu bice vyasinzikaye kurusha ibindi.

Urugendo rwa perezida Obama, rukwirikiye indwi zibiri z’akaruhuko n’umuryango wiwe, mu gisagara ca Martha Vineyard, muri Reta ya Massachusetts. Ivyo vyatumye anebagurwa n’abumva ko yari kuba yahagaritse ako karuhuko kugira agendere Reta ya Louisiana.

Yamara, ejo ku musi wa mbere, umuvugizi wo mu biuro kwa perezida, John Earnest, yarashigikiye inyishu ya Reta ya perezida Obama. Yatangaje ko ico Perezida Obama, yashimikiyeko, ari inyishu muri ako karere, n’abahaba ubuzuma

XS
SM
MD
LG