Uko wahagera

USA: Trump Yahevye Akamo k'Ukwirukana Ikivunga Abimukira


Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump
Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yahevye akamo kiwe k’ukwirukana abimukira bose imiliyoni 11 batagira ibipapuro bibarekurira kuba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, biciye mu mategeko.

Ah’ubwo, yatangaje ko azorungika ibagiwe n’ivyaha, mu bihugu baje bavamwo.

Donald Trump, yabwiye umumenyeshamakuru wo kuri Televiziyo, Fox News, Bill O’Reilly, ku muhinga wo ku musi wa mbere, kw’ikintu ca mbere bazokora igihe bazoba batsinze amatora ari ukwirukana mu gihugu abikumira batabifitiye uburenganzira bose bagiwe n’ivyaha.

Yatangaje kw’abajejwe kwubahiriza amategeko mu gihugu bazi abo bantu ab’aribo. Avuga kw’amategeko ahari muri iki gihe abarekurira kwirukana abo bantu mu gihugu.

Ku yandi madosiye y’abimukira, Trump, avuga ko bazoyihweza hakoreshejwe amategeko ahari, muri iki gihe.

Mu kiringo c’umwaka, Donald Trump, yari yabwiye abatora ko azoshiraho inteko zijejwe kwirukana, mu gihugu, abaje kugerara muri Amerika, mu buryo budaciye mu mategeko, benshi muribo bava mu gihugu ca Mexique, no mu karere ko muri Amerika yo hagati.

Mu gitondo co ku musi wa mbere, mu kindi kiganiro, Donald Trump, yariyamirije iciyumviro cuko yivuguruje ku kibazo c’ukwurukana abimukira baje kugerara muri Amerika, mu buryo budaciye mu mategeko. Yamara ntaradohoka ku kwiyemeza kwiwe ku vyerekeye kwubaka uruhome, ku rubibe hagati ya Amerika na Mexique.

XS
SM
MD
LG