Uko wahagera

Somaliya: Abantu 15 Bishwe Mu Gutana mu Mitwe na al-Shabab


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Abategetsi ba Somaliya batangaza kw’abantu 15 bishwe, mu kiringo c’imisi ibiri y’ugutana mu mitwe, mu mihana iri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.

Umurwi al-Shabab, wagize igitero, ku musi wa mbere, mu kibanza ca gisirikare c’ahitwa Moragabey, mu ntara ya Bokol, gikoreshwa n’inteko za Reta.Yamara ugutana mu mitwe kwarabandanije umusi wakwirikiye, nkuko bitanghazwa n’abategetsi ba Reta.

Amakuru atangwa n’abegereye igisirikare ca Somaliya yatangarije Ijwi rya Amerika kw’inteko za Reta umunani n’abarwanyi ba al-Shabab, indwi bari mu bapfuye.

Itangazamakuru rivugira umurwi al-Shabab, ryamenyesheje ko kw’imihana y’ahitwa Moragabey, yafashwe n’abarwanyi ba al-Shabab, ku musi wa mbere.

Yamara, Muhamed Moallim Ahmed, umukuru w’igisagara co hafi yaho ya Huddur, n’ababa muri ico gisagara bariyamiriza ayo makuru.

Ahmed, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’inteko za Reta zikigenzura akerere ka Moragabey.

Avuga ko bishe abarwanyi b’umurwi al-Shabab, batari bake.

Atangaza ko vyananiye abarwanyi b’umurwi al-Shabab, gufata akarere ka Moragabey. Amenyesha kw’ako karere kari mu minwe ya Reta.

Ahmed avuga kw’abasirikare icenda bakomeretse, mu gitero c’umurwi al-Shabab.

Ugutana mu mitwe hagati y’inteko za Reta n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab, kwabandanije, uno musi ku wa kabiri, mu karere ka Moragabey.

XS
SM
MD
LG