Uko wahagera

Nigeriya Ivugako Yishe Umuyobozi Mukuru wa Boko Haram


Mu gihugu ca Nigeria, igisirikare kirwanira mu kirere catangaje, uno musi ku wa kabiri ko cishe umukuru w’umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau, n’abandi bagwanyi bakomeye batari bake b’uyo murwi, mu bitero vy’indege z’ingwano vyakozwe ku cicaro gikuru c’uyo murwi.

Sani Usman, umuvugizi w’igisirikare kirwanira mu kirere ca Nigeriya, yatangaje ko Shekau yapfuye inyuma y'uko akomeretse bikomeye ku gitugu.

Ivyo vyabaye ku musi wa gatanu w’indwi iheze igihe indege za reta zagira ibitero vy’amabombe mu gice, umurwi Boko Haram ucumbitsemwo mw’ishamba rya Sambisa.

Mu bandi bayobozi b’umurwi Boko Haram bishwe mur' ico gitero, barimwo Abubakar Mumi, Malam Nuhu na Mlam Hamman. Abandi batari bake vyaremejwe ko bakomeretse.

Abategetsi ba reta ya Nigeriya bari batangaje imbere y'aho ko bishe Shekau, yamara ayo makuru yarabayemwo amazinda, mu nyuma y'aho, igihe amasanamu ya video yoboneka yerekana umuntu avuga ko ari Shekau ari muzima kandi ameze neza.

Nta bindi brenga aho umuvugizi w’igisirikare kirwanira mu kirere ca Nigeriya, Sani Usman, yatangaje ku vyerekeye urupfu rwa Shekau.

Ntaco kandi umurwi Boko Haram wishuye buno nyene ku vyatangajwe.

Amakuru yerekeye ibitero vy’indege z’ingwanao za Nigeriya, ku cicaro gikuru c’umurwi, Boko Haram, yahuriranye n’urugendo rw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, muri Nigeriya. Bitegekanijwe kw' abonana n’abategetsi b’ico gihugu, kugira baganire uburyo bw’ugutsinda umurwi, Boko Haram.

XS
SM
MD
LG