Uko wahagera

Philippine: Umushikiranganji Perfecto Say aravuguruzanya Umukuru w'Igihugu


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu w’igihugu ca Philippine, Perfecto Yasay yamenyesheje ko igihugu ciwe kizoguma mu muryango w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Avuguruje umukuru w’ico gihugu Rodrigo Duterte yatangaje k’umusi w’Imana ko Philipine gishobora kuva muri ONU, inyuma y’aho ONU imwagirije guhohotera abadandaza ibiyayura mutwe.

Yasay yabwiye abamenyeshemakuru kur’uyu wa mbere ko ivyo perezida Duterte yavuze vyerekana ko yababajwe n’ivyo ONU yatangaje.

Mwomenya ko abantu bashika 1,000 bakekwa kugira urudandazwa rw’ibiyayuramutwe aribo bamaze kwicwa mur’ico gihugu kuva aho Perezida Duteres agiriye k’ubutegetsi m’ukwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG