Uko wahagera

Donald Trump: Abimukira Batagira Ivyangombwa Nta Kibanza muri Amerika


Umukandi w’umugambwe w’aba republika mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, Donald Trump yongeye aravuga ashimitse ko umugambi wiwe wo kwirukana abimukira imiliyoni 11 batagira impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba muri Amerika ari ntabanduka.

Yatangaje ko kur’ico kibazo atakwivuguruza. Ni mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Fox News gikorera muri Amerika.

N’inyuma y’aho uwujejwe kumutunganiriza ibikorwa vyo kwiyamamaza, Kellyanne Conway, yar’aherutse nawe gutangaza ko umugambi wa Trump wo kwirukana abimukira batemewe n’amategeko, ar’umugambi wo kunonosora neza."

Mugihe hasigaye amezi make ngo amatora abe, ibiharuro vyerekana ko Hillary Clinton wo mu mugambwe w’abademokrate aza imbere mu majwi kubice 5.5 kw’ijana, amajwi aronka k’uruhande rw’abirabure hamwe n’abo mubwoko bw’aba espanyole.

XS
SM
MD
LG