Uko wahagera

Nijeriya: Ingwara y’Ubukangwe Yongeye Kwibonekeza


M’ukwezi kw’umunani hagati yakwo, igihugu ca Nijeriya niho categekanya guhimbaza imyaka ibiri irangiye kitavugwamwo ingwara y’ubukangwe.

Igisata ca ONU cita ku magara y’abantu OMS naco nyene cari citeze gukeza ico gihugu ko ubukangwe bwasezewe muri co. Ariko ivyo ntibikibaye kuko har’abana babiri mu ntara ya Borno bavugwa ko bongeye kuyandura kandi bamaze gufatwa n’ubumuga.

Intambara ihuza abasirikare ba reta ya Nijeriya n’umugwi w’iterabwoba wa Boko Haram mu buraruko bw’iyo ntara ya Borno yatumye igikorwa co gucandaga abana kidakunda.

Ingaruka vyateye n’uko abana baharurwa mu bihumbi bashobora kuba batacandazwe bituma uwo mugera ubandanya urwirirana.

Reta ya Nijeriya iramaze gutangura gucandaga abana mur’iyo ntara ya Borno. Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Nijeriya, Isaac Adewole, yasohoye itegeko ko abana barenga imiliyoni 31.5 bagiye gucandarwa mu bice ico kiza kivurwamwo.

M’ukwezi kwa cumi n’ukwa cumi na kumwe uyu mwaka naho abandi imiliyoni 56 bazocandarwa.

XS
SM
MD
LG