Uko wahagera

Turukiya: Abantu 6 Barishwe na Bombe


Abategetsi ba Turukiya hanze y'inyubakwa zasambuwe na Bombe
Abategetsi ba Turukiya hanze y'inyubakwa zasambuwe na Bombe

Mu gihugu ca Turukiya, abantu bashika 6 barapfuye abandi barenga 120 barakomeretswa na bombe zatezwe mu miduga ibiri yafi y’igituro c’abaporisi mu buseruko bwa Turukiya kuwa kane.

Ibombe ya mbere yaturikiye mu ntara ya Van, ihitana umuporisi n’abasivile babiri, ikomeretsa abarenga cumi barimwo abaporisi 20.

Haciye amasaha make, iyindi modoka yaciye iturika mu kigo c’abaporisi c’ahitwa Elazig, ihitana abasivile batatu ikomeretsa abashika 100. Nta muhari n’umwe uriyitirira ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG