Uko wahagera

Riek Mashar Aratanga Ikiganiro Ku Bamenyeshamakuru


Riek Machar yahoze ari icegera ca mbere w'umukuru w'igihugu muri Sudani yo m'Ubumanuko.

Riek Machar yahoze ari icegera ca mbere w'umukuru w'igihugu muri Sudani yo m'Ubumanuko.

Uwahoze ar’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri sudani yo mu bumanuko Riek Machar kur’uyu wa kane arashikiriza ijambo aho ari m'ubuhungiro muri kimwe mu bihugu vyo mur'Afirika y’Ubuseruko.

Buzoba bubaye ubwa mbere yumvikana kuv’aho ahungiye mu ntango z’ukwezi kw’indwi inyuma y'aho hadukiye ugutana mu mitwe hagati y’abamushigikiye n’abashigikiye Perezida Salva Kiir.

Mabior Garang de Mabior, arongoye umugambwe SPLM-IO utavugarumwe n'ubutegetsi amenyesha ko Machar yahungishijwe mu karere k'Afrika y’Ubuseruko.

Mabior, yabibwiye ijwi ry’Amerika aho ari I Nairobi ariko ntiyavuze igihugu Machar yahungiyemwo kiretse ko yamenyesheje ko ahava atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa kane.

Perezida Kiir yakuye mu mabanga Machar m’ukwezi guheze amusubiriza n’uwahoze arongoye abarwanya reta mu biganiro vy'amahoro, Taban Deng Gai.

XS
SM
MD
LG