Uko wahagera

Zambiya: Amajwi y'Amatora Ntiyumvikanwaho


Abashigikiye Perezida Edgar Lungu, arongoye umugambwe Patriotic Front bigina intsinzi yiwe.

Abashigikiye Perezida Edgar Lungu, arongoye umugambwe Patriotic Front bigina intsinzi yiwe.

Umugambwe ukomeye muyitavuga rumwe n’ubutegetsi muri Zambiya, United Party for National Development (UPND), ugiye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro k’umusi wa gatanu.

Umenyesha ko Perezida Udgar Lungu atatsinze amatora yo kuwa 11 z’uku kwezi kwa munani. Uwo mugambwe uvuga kandi ko uzoburizamwo iyimikwa ry'umukuru w'igihugu ritegekanijwe k’umusi wa kabiri uza.

Umuvugizi w’uwo mugambwe, Charles Kakoma yabwiye ijwi ry’Amerika ko bafise ivyemeza ko abatunganije amatora bahengamiye kuri Perezida Lungu n’umugambwe wiwe Patriotic Front.

Ariko abashigikiye umugambwe uri k’ubutegetsi bo bamenyesha ko abaje guhagarikira ayo matora, baba abo mu gihugu canke abanyamahanga bose batangaje ko yabaye m’umwidegemvyo, k’umugaragaro kandi nta busuma yabayemwo.

XS
SM
MD
LG