Uko wahagera

Abayisilamu Muri Amerika Ntibatekaniwe


Ubwicanyi buheruka gukorerwa umu Imamu n’umufasha wiwe mu gisagara ca New York, bwatumye abandi bayisilamu baba muri Leta zunze ubumwe z’Amerika bagira ubwoba k’umutekano wabo.

Mugihe ubutungane bukiri mu matohoza yo kumenya ko nimba ubwo bwicanyi bwari bufatiye ku rwanko, kubw’abayisilamu batari bate, ubwo bwicanyi ngo bugaragaza urwanko bafitiwe muri Amerika.

Umwigisha muri kaminuza Georgetown University, Engy Abdelkader amenyesha ko ata nkeka abayisilamu bageramiwe muri Amerika.

Atanga akarorero k’amajambo y’urwanko ku bayisilamu akoreshwa n’abanyepolitike bamwe bamwe bariko bahiganirwa amatora.

Kuva m’ukwezi kwa gatatu umwaka w’2015 hagitangura imyiyamamazo gushika m’ukwezi kwa gatatu umwaka w’2016, abayisilamu 180 barakubaguwe nk’uko amaraporo n’ivyigwa vyakozwe bivyerekana.

Mwomenya ko Amerika irimwo abayisilamu baharurwa ku miliyoni 3.5.

XS
SM
MD
LG