Uko wahagera

Abanonotsi Lochte na Feigen Bararonderwa n'Ubutungane bwa Brezile


Umushikirizamanza wo muri Brezil yaratanze itegeko ryo guhagarika abanonotsi babiri b'abanyamerika bari mu bahiganwa mu kwoga kuko ngo babeshe ko basahuwe utwabo.

Ryan Lochte na James Feigen ngo barabeshe ko basahuwe n’abaporisi bo muri Brezile igihe bariko basubira aho barara n’itagisi mw’ijoro ryo k’umusi wa mungu.

Ariko se w’uwitwa Lochte yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press k’umuhungu wiwe yari yamaze kwigarukira muri Amerika igihe uwo mutahe wo kubahagarika wasohoka k’umusi wa gatatu.

Abategetsi bo muri Brezile bavuga ko abo banonotsi b’Abanyamerika mu kwoga atakuri bavugishije, ko bakwiye kurengutswa imbere y’ubutungane bakisigura.

Mugihe Lochte avugwa ko yagarutse muri Amerika, uwo wundi Feigen yabwiye ikinyamakuru candikirwa muri reta ya Texas, the San Antonio Express-News, ejo k’umusi wa gatatu ko we akiri muri Brezile.

XS
SM
MD
LG