Uko wahagera

Turukiya: Imbohe Ibihumbi 38 Zigiye Kurekurwa


Abapolisi bariko basaka imodoka k;urwinjiriro ry'ibohero rya Silivri, hafi ya Istanbul
Abapolisi bariko basaka imodoka k;urwinjiriro ry'ibohero rya Silivri, hafi ya Istanbul

Igihugu Turukiya kigiye kurekura abanyororo ibihumbi 38,000 kugira kironke aho gishira abamaze imisi bafatwa bagirizwa kugira uruhara mu bashatse guhirika ubutegetsi m’ukwezi guheze.

M’ubutumwa bwa Tweeter yashikirije kuwa gatatu, umushikiranganji w’ubutungane wa Turukiya, Bekir Bozdag amenyesha ko iyo ngingo yafashwe na reta yiwe.

Nta mvo zatanzwe kur’iryo rekurwa ry’izo mbohe, ariko umwe mu bategetsi yamenyesheje ko abanyororo batigenjeje nabi mu mabohero aribo bagiye kurekurwa ariko ngo bazogumizwako amaso.

Kuva haba gushaka guhirika ubutegetsi, abantu bashika ku bihumbi 20,000 baramaze gufatwa.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu muri Turukiya yamye ashikiriza ko kubera ubwinshi bw’imbohe, abanyororo basigaye baryama babisikanya.

XS
SM
MD
LG