Uko wahagera

Uganda: Cholera mu Kambi y' i Pagirinya


Abategetsi bo m’uburaruko bw’Ubuganda bamenyesha ko ikiza ca cholera cateye mu kambi y’impunzi irimwo abanyesudani bo mu bumanuko mur’ako karere.

Ubwinshi bw’abantu n’imvura nyinshi irangwa mur’ako gace nivyo bituma ico kiza congerekana.

Mu mpera z’indwi irangiye, abategetsi bo m’Ubuganda batangaje ko abantu 45 aribo bamaze kumenyekana ko banduye Cholera mu kambi y’impunzi iri ahitwa Pagirinya, ni m’uburaruko bw’Ubuganda.

Impunzi zigera ku bihumbi 80,000 z’Abanyasudani yo m’ubumanuko nizo zimaze guhungira m’Ubuganda kuv’aho intambara yongeye kwaduka k’umurwa mukuru Juba m’ukwezi guheze.

Iyo Kambi y’ I Pagirinya imaze kwakira impunzi zishika ibihumbi 28, igitigiri kirenze abo iyo kambi ishobora kwakira.

XS
SM
MD
LG