Uko wahagera

Koreya ya Ruguru: Umutegetsi Akomeye Yahungiye muri Koreya y'Epfo


Umudiplomate w'Umunyakoreya ya ruguru, Thae Yong Ho, yahungiye muri Koreya y'epfo
Umudiplomate w'Umunyakoreya ya ruguru, Thae Yong Ho, yahungiye muri Koreya y'epfo

Umutegetsi akomeye cane agira kabiri muri Ambasade ya Koreya ya ruguru, i Londres, mu Bwongereza, yahungiye muri Koreya y’epfo. Ivyo bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe gusubiza hamwe Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo.

Thae Yong Ho, yashitse n’umurwanyo wiwe ku murwa mukuru wa Koreya y’epfo, Seoul. Muri iki gihe bakingiwe na Reta. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe gusubiza hamwe ibihugu vya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo. Jeong Joon-hee.

Joeong, atangaza ko Thae, yabwiye abategetsi ba Koreya y’epfo ko yahunze Koreya ya ruguru, kubera adashigikiye na gato umutegetsi mukuru, Kim Jong Un, kubera kandi yifuza demokarasi yo muri Koreya y’epfo, n’impungenge ku vyerekeye kazoza k’abana biwe.

Thae Yong Ho, avurwako yari amaze imyaka cumi akorera Ambasade ya Koreya ya ruguru i Londres, mu Bwongereza. Yari ajejwe kwerekana isura nziza y’igihugu ciwe, canebaguwe kubera umugambi waco werekeye bibirwanisho ruhonyanganda, n’inyifato yaco ku bijanye n’agateka ka muntu.

I Washington, ntaco ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwatangaje, ku buryo butomoye, kw’ihunga rya, Thae Yong Ho. Yamara ubwo bushikiranganji bwasavye ikingirwa ry’impunzi, n’abarondera ubuhungiro bo muri Koreya ya ruguru.

XS
SM
MD
LG