Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Ku bw'Icegera ca Perezida Igihugu Kiratekanye


Icegera ca mbere ca perezida wa Sudani yo mu Bumanuko, Taban Deng Gai
Icegera ca mbere ca perezida wa Sudani yo mu Bumanuko, Taban Deng Gai

Icegera ca mbere gishasha ca perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Taban Deng Gai, yemeza kw’igihugu ciwe kiri mu mahoro, kandi gitekanye.

Ariko abandanya itunganywa gushasha ry’inzego, inyuma y’ugutana mu mitwe kwabereye ku murwa mukuru, Juba, kwahitanye abantu bagera ku majana atatu mu kwezi kurangiye.

Ivyo Deng, yabitangarije abamenyeshamakuru, uno musi ku wa gatatu, ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, igihe yariko abonana na perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta.

Yagirije abamenyeshamakuru ko batanga amakuru atariyo, mu kuvuga kw’ingwano ibandanya ku murwa mukuru, Juba no mu bindi bice.

Agehengwe gacumbagira karabandanya kwubahiuriza, ku murwa mukuru, Juba, kuva habaye ubwicanyi mu kwezi kw’indwi.

Yamara hari amakuru avuga k’ingwano ibandanya mu ntara ya Equatoria, no mu cahoze ari Reta ya Bahr el-Ghazal, hagati y’inteko zishigikiye perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, n’inteko zishigikiye uwo badacana uwaka, Riek Machar.

Icegera ca mbere gishasha ca perezida, Taban Deng Gai, avuga ko Reta yashimikiye ku gushira hamwe inteko zo kuri izo ampande zibiri, mu mugambi w’ukugira igisirikare kimwe mu kwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2017.

XS
SM
MD
LG