Uko wahagera

USA: Trump Yahinduye Ubuyobozi bw'Abamufasha Kwiyamamaza


Donald Trump, yagenye, Stephen Bannon, umutegetsi akomeye w’ikinyamakuru, gikorera kuri internet, Breibart, kuba umutegetsi shingwabikorwa ajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza

Donald Trump, yagenye, Stephen Bannon, umutegetsi akomeye w’ikinyamakuru, gikorera kuri internet, Breibart, kuba umutegetsi shingwabikorwa ajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yasubiye guhindura kandi abayobozi b’umurwi ujejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza.

Ivyo bibaye mu kiringo kiri musi y’amezi atatu, imbere yuko Abanyamerika bahitamwo uwuzoba perezida mushasha, mu kwezi kwa mbere.

Donald Trump, yagenye, Stephen Bannon, umutegetsi akomeye w’ikinyamakuru, gikorera kuri internet, Breibart, kuba umutegetsi shingwabikorwa ajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, hamwe na, Kellyanne Conway, gukwirikirana ibikorwa vya misi yose vy’ukwiyamamaza kwiwe.

Kwongereza abo bategetsi bakomeye bashasha bisa n’ibizogabanya uruhara rwa Paul Manafort, yari umutegetsi mukuru ajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Trump, kuva yirukanye uwahora muri ico kibanza, Corey Lewandowski, mu kwezi kwa gatandatu.

Yamara, Donald Trump, yatangaje kw’ingingo y’ukugena abandi bategetsi bashasha ata ngaruka bizogira ku ruhara rwa Manafort.

Manafort, yagirijwe ko yakoranye n’uwahoze ari perezida wa Ukraine, Viktor Yanukovich, yakuwe ku butegetsi mu mwaka w’i 2014.

Manafort, yarahakanye ko yaronse amafranga ku vyo yoba yakoreye Yanukovich, mu kuvuga ko ivyo vyagirizo bitagira ishingiro.

XS
SM
MD
LG