Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Ku bw'Icegera ca Mbere ca Perezida, n'Amahoro


Taban Deng Gai, Icegera ca mbere gishasha ca perezida wa Sudani yo mu bumanuko

Taban Deng Gai, Icegera ca mbere gishasha ca perezida wa Sudani yo mu bumanuko

Icegera ca mbere gishasha ca perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Taban Deng Gai, yemeza kw’igihugu ciwe kiri mu mahoro, kandi gitekanye.

Perezida Salva Kiir, ariko abandanya itunganywa gushasha ry’inzego, inyuma y’ugutana mu mitwe kwabereye ku mjurwa mukuru, Juba, kwahitanye abantu bagera ku majana atatu mu kwezi kurangiye.

Ivyo Deng, yabitangarije abamenyeshamakuru, ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, igihe yariko abonana na perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta.

Yagirije abamenyeshamakuru ko batanga amakuru atariyo, mu kuvuga kw’ingwano ibandanya ku murwa mukuru, Juba no mu bindi bice.

Agehengwe gacumbagira karabandanya kwubahirizwa, ku murwa mukuru, Juba, kuva habaye ubwicanyi mu kwezi kw’indwi.

Yamara hari amakuru avuga kw’ingwano ibandanya mu ntara ya Equatoria, no mu cahoze ari Reta ya Bahr el-Ghazal, hagati y’inteko zishigikiye perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, n’inteko zishigikiye buwo badacana uwaka, Riek Machar.

Icegera ca mbere gishasha ca perezida, Taban Deng Gai, avuga ko Reta yashimikiye ku gushira hamwe inteko zo kuri izo ampande zibiri, mu mugambi w’ugukira igisirikare kimwe mu kwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2017.

XS
SM
MD
LG