Uko wahagera

Rio 2016: Niyonsaba Muri Kimwe ca Kabili


Francine Niyonsaba wiruka metero 800
Francine Niyonsaba wiruka metero 800

Umurundikazi Francine Niyonsaba yabaye uwa mbere mu murwi yirutsemwo w'imetero 800. Yarangije mu munuta umwe, amasegunda mirongo itanu n'icenda n'ibice mirongo umani na bine. Akaba atsindiye kuzokwiruka muri kimwe ca kabili ku musi w'ejo.

Imidali y’inzahabu cumi n’itandatu iraza guhiganirwa, uno musi ku wa gatatu.

Amagihanwa y’ukwiruka ku rwego rw’abapfasoni araba ku muhingamo mu nkino mpuzamakungu za Olempike za Rio de Janeiro, mu gihugu ca Brezil.

Elaine Thompson, wo mu gihugu ca Jamayike, yatsindiye umudali w’inzahabu mu kwiruka imetero 100 ku musi wa gatandatu, ku rwego rw’abapfasoni, arondera gutsindira uwundi mudali w’inzahabu, mu metero 200 uno musi ku muhingamo.

Thomson, aza guhiganwa bikomeye n’abanonotsi b’abanyamerikakazi barimo Tori Bowie, na Deajah Stevens.

Uno musi ku muhingamo kandi, hari ihiganwa ry’ukwiruka imetero ijana, umuntu agenda arasimba imitego, ku rweo rw’abapfasoni. Abanyamerikakazi, Brianna Rollings, na, Kristi Castlin, baraza guhiganirwa ikibanza ca mbere.

XS
SM
MD
LG