Uko wahagera

Incanco Ku Ngwara y'Inyonko Muri Angola na RDC


Abantu barenga imiliyoni 14 bo muri Angola na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo bagiye gucangarwa ingwara y’inyonko mu ntumbero yo gukinga irwirirana ryayo mur’ivyo bihugu ndetse no mu bindi bihugu.

Igisata ca ONU cita ku magara y’abantu OMS kimenyesha ko iryo sekeza rizotangurana n’igihe c’urushana, m’ukwezi kw’icenda.

Kuva iyo ngwara yadutse m’ukwezi kwa cumi na kabiri, OMS igereranya ko imaze guhitana abantu bashika ku 369 muri Angola na 16 muri Kongo. Abashika ibihumbi bitandatu bakekwa kuba barayanduye mur’ivyo bihugu bibiri.

Ivyo bikorwa bizobera k’umurwa mukuru Kinshasa, k’umupaka Republika iharanira demokarasi ya Kongo ihana na Angola.

XS
SM
MD
LG