Uko wahagera

USA: Imirimo Yongeye Gutangura Kuri World Trade Center


Ibikorwa vy’ubucuruzi vyarongeye kwugururwa ku nyubakwa zibiri nshasha z’amagorofa za World Trade Center mu gisagara ca New York ahabereye ibitero vy’iterabwoba itariki 11 z’ukwezi kw’icenda umwaka w’2001.

Amazu y’amaduka hamwe n'amazu y’uburiro ashika kw’ijana yarongeye kwugurura k’umusi wa kabiri. Abacururiza mur’ayo mazu bafise ivyizigiro ko hazohurumbirwa n’abanyagihugu baba i New York bose ndetse n’abakerarugendo.

Mwomenya ko abantu bashika ibihumbi bitatu aribo bahitanwe n’ivyo bitero vy’iterabwoba mur’ico kibanza, haraheze imyaka 15.

XS
SM
MD
LG