Uko wahagera

USA: Hillary Clinton Afise Amahirwe Menshi y'Ugutsinda Amatora


Umukandida w'Umudemokarate, Hillary Clinton, i buryo, n'umukandida w'Umurepublika, Donald Trump, i bubamfu

Umukandida w'Umudemokarate, Hillary Clinton, i buryo, n'umukandida w'Umurepublika, Donald Trump, i bubamfu

Mu gihe hasigaye hafi y’amezi atatu ngo amatora y’umukuru w’igihugu abe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abitegereza ibintu batari bake muri iki gihe batangaza ko umukandida w’Umudemokarate, Hillary Clinton, afise ibirenga ibice mirongo umunani kw’ijana vy’amahirwe y’ugutsinda uwo bahiganwa w’Umurepublika, Donald Trump.

Hasigaye indwi zitatu z’igikorwa c’ukwiyamamaza, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Hazoba uguharira incuro zitatu hagati ya, Hillary Clinton, na Donald Trump, mu kwezi kw’icenda, no mu kwezi kw’icumi, mu bishobora guhindura amahirwe y’abakandida.

Yamara muri iki gihe, abitegereza ibintu, babona uguhiganwa hagati y’abo bakandida babiri, kuriko gutera guhengamira cane kuri Clinton.

Mu matohoza ya nyuma mu gihugu, Hillary Clinton, ari imbere ya, Donald Trump, n’ibice indwi kw’ijana. Igihushane gitera ciyongera mu ma Reta afise uruhara rukomeye mu matora.

Amatohoza mu gihugu yerekana kw’Abanyamerika badafise ivyiyumviro vyiza ku bakandida uko ari bompi. Yamara bafise ivyiyumviro bibicane kurushiriza kuri, Donald Trump.

Amahirwe ya, Donald Trump, yaragabanutse ngingoga, mu ndwi zibiri zirangiye, kubera ivyo yatangajwe birimwo ibibazo.

Trump, asa n’uwemeye mu ndwi iheze ko ashobora gutsindwa mu matora, mu kuvuga ko niyo yatsindwa, azogira akaruhuko keza kandi karekare.

XS
SM
MD
LG