Uko wahagera

Abanyeshure 442 Birukanywe Muri Kaminuza y'Uburundi


Amashure 11 kuri 20 yo mu gisata c’indome muri kaminuza y’Uburundi niyo yari yahagaritse ivyigwa kuva mukwezi kwa gatandatu uyu mwaka
Amashure 11 kuri 20 yo mu gisata c’indome muri kaminuza y’Uburundi niyo yari yahagaritse ivyigwa kuva mukwezi kwa gatandatu uyu mwaka

Kaminuza y'Uburundi iherutse gufata ingingo yo kwirukana burundu abanyeshure 422 bo mu gisata c'indome muruyu mwaka w'ishure w'i 2015 ushira 2016.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y'amezi abiri abo banyeshure bari bamaze muri yegereyegere. Abanyeshure birukanywe bavuga ko barenganijwe kubera bari bemeye gusubira mw'ishure mukurindira ko ibibazo vyabo bitorerwa umuti.

Abayobozi ba kaminuza y'Uburundi bemeza ko ata gahotoro kari muriyo ngingo. Valos Runyagu, umuyobozi ajejwe akanovera k'inyigisho muri kaminuza y'Uburundi asigura ko abo banyeshure bagayanye.

Ariko yemeza ko bagifise amahirwe yo gusubira kwiyandikisha mu bindi bisata bifuza mu mwaka uza.

Abo banyeshure basigura kandi ko bacinjira muri kaminuza babona aho bashobora kuja kudodora basaba utuzi. Ubu bamenyesha ko ivyo bahinduriwe ku rutonde rw’ivyigwa bisa n’ivyaje gusuka amazi mu ndinganizo zabo zo muri kazoza.

Abo banyeshure babona ko ubuzima bwabo bw’ishure busa n’ubuhagaze.

Bagenzi babo bakiri ku mirimo bagabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa munntumbero y’ugushigikira bagenzi babo.

Amashure 11 kuri 20 yo mu gisata c’indome muri kaminuza y’Uburundi niyo yari yahagaritse ivyigwa kuva mukwezi kwa gatandatu uyu mwaka.

Abanyeshure birukanywe basaba uburongozi bwa kaminuza y’Uburundi kubareka bagasubira mw’ishure hanyuma bakabandanya baganira ingene ikibazo cabo cotorerwa umuti.

XS
SM
MD
LG