Uko wahagera

Joao Havelange Yitavye Imana


Joao Havelange, yahoze ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru, FIFA

Joao Havelange, yahoze ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru, FIFA

Joao Havelange, yahoze ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru, FIFA, akongera akaba yari n’umunywanyi w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino mpuzamakungu za Olempike, CIO,yitavye Imana afise imyaka ijana.

Havelange yari yasubiriwe na, Sepp Blatter, mu mabanga y’ukunyobora ishirahamwe FIFA.

Yayoboye ishirahamwe, FIFA, hagati y’umwaka w’i 1974, n’umwaka w’i 1998.

Yatanze imihoho mu mabanga yiwe y’umuyobozi w’icubahiro w’ishirahamwe FIFA mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2013 inyuma y’itohoza ku vyagirizo vya ruswa.

Yagiye mu bitaro mu mwaka wakwirikiyeho kubera ibibazo vyo mu mahaha.

Havelange yari umunywanyi w’ishirahamweo CIO, kuva mu mwaka w’i 1963 gushika mu mwaka w’i 2011. Yatanze imihoho kubera ibibazo vy’amagara.

Mu mabanga yiwe y’umuyobozi w’ishirahamwe FIFA, Havelange yarongereje igitigiri c’ibihugu vyemerewe kuja mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, mu kuva kuri cumi na bitandatu bishika kuri mirongo itatu na bibiri.

Ivyo vyatumye ibihugu vyo muri Asiya, Oceyaniya na Afurika bironka akaryo k’ukugira intambwe mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru.

Cameroun yabaye igihugu ca mbere co muri Afrika cashitse muri kimwe ca kane, mu gikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1990.

Mu kiringo ciwe, habaye ibikombere vy’isi yose vy’umupira w’amaguru bitandatu. Yarahinduye ibintu bitari bike ku bijanye n’umupira w’amaguru.

Yamara ikiringo ciwe mu mabanga y’ukuyobora ishirahamwe FIFA, caranzwe kandi n’ibibazo vya ruswa.

Joao Havelange, yavukiye mu gisagara ca Rio de Janeiro, mu gihugu ca Brezil, mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 1916.

XS
SM
MD
LG