Uko wahagera

Edgar Lungu Yatsinze Amatora Muri Zambiya


Edgar Lungu yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri Zambiya
Edgar Lungu yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri Zambiya

Edgar Lungu, yahora arongoye igihugu ca Zambiya niwe yaraye atsinze amatora mw’ihiganwa ry’Umukuru w’Igihugu.

Umugwi ujejwe gutunganya amatora watangaje ko Lungu, wo mu mugambwe Patriotic Front, yatahukanye amajwi arenga ibice 50 kw’ijana. Hakainde Hichilema, yarasanzwe ariko arahiganwa na Lungu aronka amajwi ari munsi gato ya 48 kw’ijana.

Abo mu mugambwe UPND, usanzwe utavuga rumwe na Reta, bavuga ko batemera ivyavuye mur’ayo matora, bakavuga ko yaranzwe n’ubusuma.

Cornelius Mweetwa, icegera c’umuvugizi w’umugambwe Patriotic Front, umugambwe waraye utahukanye intsinzi mur’ayo matora, avuga ko ibirego vyuko amatora yibwe ataho bifatiye. Mweetwa avuga ko Perezida Lungu, yari yashizeho umugwi ugizwe n’abacamanza bahagarikira ibwirizwa shingiro, kugira bacungere uburyo amatora agenda.

Mw’itangazo ryasohowe n’umuvugizi w’Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, yatangaje ko izo mpande zompi ukw’ari zibiri, na cane cane abategetsi b’imigambwe n’abanywanyi bayo, bokwirinda gutanako ishavu, bakirinda kandi imvugo iturira. Asaba kandi gukoresha amategeko mu gutorera inyishu ukutumvikana kwabo.

Ubutunzi bwa Zambiya bukaba kandi butifashe neza, biturutse kw’igabanugwa ry’igiciro ku butare bw’umujumpu, usanzwe ar’uwo Zambiya ishorera cane hanze. Igihugu ca Zambiye kiri mu biganiro n’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ikigega, FMI, kugira rikironse imfashanyo yo kuzamura ubutunzi bw’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG