Uko wahagera

Sudani yo Mu Bumanuko: Ikibazo c'Irungikwa ry'Inteko mu Minwe y'Abashingamateka


Perezida wa Sudani yo mu bumanuko Salva Kiir amenyesha ko inama nshingamateka y’ico gihugu ariyo izofata icemezo co guhakana canke kwemera irungikwa ry’inteko 4000 ziheruka kwemezwa na ONU k’umusi wa gatanu.

Urwandiko rwateguywe na Leta zunze ubumwe z'Amerika rugabisha ko Sudani yo m’ubumanuko izofatirwa ibihano ku birwanisho mugihe yokwanka irungikwa ry’izo nteko.

Perezida Kiir amenyesha ko reta yiwe izovugana n’amakungu kugira ubwigenge bw’igihugu ciwe bwubahirizwe.

Inama y’abashikiranganji yabaye kuwa mungu, irongowe na Perezida Kiir, ntiyabashije gushigikira ico cemezo ca ONU.

Mugihe izo nteko zokwemerwa abasirikare ba ONU mur’ico gihugu bazoca bashika ku bihumbi 17, nico gihugu kizoba gifise abasirikare benshi ba ONU kw’isi nzima.

XS
SM
MD
LG