Uko wahagera

USA: Imbohe 15 Zabohowe i Guantanamo


Imbohe 15 zari zifungiwe mw’ibohero ry’Amerika riri I Guantanamo muri Cuba zarekuwe zica zirungikwa mu gihugu ca Emira Arabe Uni.

Kibaye igitigiri ca mbere kinini c’imbohe zibohowe ku ntwaro ya Perezida Barack Obama. Abo babohowe n’Abanyayemeni 12 hamwe n’Abanyafganistani batatu.

Bikozwe mu ntumbero reta ya Obama yihaye yo kugabanya izo mbohe. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika bwatangaje ko iryo bohero risigayemwo 61.

Perezida Obama ariko yiruka n’umwanya kugira yugare burundu iryo bohero imbere yuko arangiza amabanga yiwe nkuko yavyemereye Abanyamerika igihe yatorwa kurongora Amerika.

Ariko uyo mugambi wiwe urarwanywa n’abashingamateka bo m’umugabwe w’abarepublika batavuga rumwe nawe ndetse na bamwe bo mu mugambwe wiwe w’aba demokrate.

Naureen Shah, umuyobozi k’urwego rw’Amerika w’ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu Amnesty International amenyesha ko kugumizaho ibohero rya Guantanamo biha uburenganzira ibindi bihugu bwo guhungabanya ibijanye n’agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG