Uko wahagera

ONU-DRC: Abantu 36 Barishwe mu Ntara ya Beni


Abaryango b'uwishwe n'umuhari ADF bagiye gishingura ikiziga ciwe i Mbau hafi y'intara ya Beni.

Abaryango b'uwishwe n'umuhari ADF bagiye gishingura ikiziga ciwe i Mbau hafi y'intara ya Beni.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon amenyesha ko ahagaritswe umutima n’ubwicanyi bwakozwe ku basivile 36, ahitwa Rwangoma, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Abo bantu bishwe k’umusi wa gatandatu igenekerezo rya 13, uyu mwaka w'2016 n’abantu bakekwa kuba ar’abo mu muhari w’abarwanya reta y’Ubuganda ADF bari k’ubutaka bwa Kongo.

Ban ariyamiriza ashimitse ubwo bwicanyi bwabereye mu ntara ya Beni, aho kuva m’ukwezi kwa cumi umwaka w’2014 abasivile baharurwa mu majana bamaze kwicwa n’uwo muhari.

Ban arahoza imiryango y’abo bantu na reta ya Kongo aho asaba ko ababikoze barengutswa imbere y’ubutungane. Amenyesha ko ONU izobandanya ifasha reta ya Kongo mu rugamba rwo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho ikorera mur’ico gihugu nkuko biri mw’ihangiro yihaye.

XS
SM
MD
LG