Uko wahagera

Al-Shabab Iriko Itegura Ibitero muri Afrika yo mu Buseruko


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

mpfunyapfunyo, IGAD, ryamenyesheje kw’umurwi w’intagondwa z’Abayislamu, al-Shabab, uriko utegura ibitero mu bihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Ishirahamwe IGAD, rimenyesha ko al-Shabab yaguye yongera imenyereza abarwanyi badasanzw,e mu vya gisirikare, mu mugambi w’ukugira ibitero mu gihugu ca Kenya, mbere no mu gihugu ca Etiyopiya.

Ishirahamwe IGAD, ritangaza ko naho ibibanza bikomeye, al-Shabab, ikoreramwo bikiri muri Somaliya, kw’uwo murwi uriko uragura akarere ukoreramwo.

Iryo shirahamwe rimenyesha kw’ata kinini urupfu rw’umuyobozi wa al-Shabab rwahinduye, ku bikorwa n’ububasha bw’uwo murwi, ku bijanye n’ukugira ibitero.

Ishirahamwe, IGAD, rimenyesha ko, Ahmed Abdi Godane, yahoze arongoye umurwi al-Shabab, ariwe yashizeho amashami abiri ya gisirikare y’uwo murwi: Ishami ryitwa, Jaysh Ayman, ujejwe kugira ibitero mu bihugu vya Kenya, Uganda na Tanzaniya, n’ishami: Jaysh al-Usra, ryashizweho kugira rigire ibitero mu gihugu ca Etiyopiya.

Ishirahamwe IGAD, ryasavye ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, gufata ingingo zigenewe z’ukwirinda ibitero vya, al-Shabab, muri Somaliya, no mu karere.

XS
SM
MD
LG