Uko wahagera

Zambiya: Lungu Yasubiye Gutorwa Kuyobora Igihugu


Perezida, Edgar Lungu, yayoboye Zambiya kuva, mu mwaka w’i 2015, inyuma y’urupfu rwa perezida, Michael Sata.

Perezida, Edgar Lungu, yayoboye Zambiya kuva, mu mwaka w’i 2015, inyuma y’urupfu rwa perezida, Michael Sata.

Perezida w’igihugu ca Zambiya, Edgar Lungu, yarasubiye gutorwa kuyobora igihugu, mu matora yari yegeranye abatavuga rumwe na Reta bavuga ko yibwe.

Urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora rwatangaje ko Lungu, wo mu mugambwe uri ku butegetsi, Patriotic Front, yatsinze n’ibirenga ibice mirongo itanu kw’ijana vy’amajwi. Yatsinze uwo bahiganywe bikomeye, Hakainde Hichilema, wo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, United Party for National Development, yaronse musi y’ibice mirongo ine n’umunani kw’ijana.

Abanywanyi b’umugambwe wa Hichilema, batangaje kw’amatora yo kw’italiki 11 z’ukwezi kw’umunani yabayemwo amanyanga.

Yamenyesheje ko bazokwitwarira ivyavuye mu matora, muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro y’igihugu.

Ikiringo c’ukwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu, muri Zambiya, caranzwe n’indwi z’ugutana mu mitwe, hagati y’abashigikiye imigambwe yahiganywe mu matora. Abantu batatu barishwe.

Perezida, Lungu, yayoboye Zambiya kuva, mu mwaka w’i 2015, inyuma y’urupfu rwa perezida, Michael Sata.

Yatsinze, Hakainde Hichilema, mu matora yo mu mwaka uheze yo gusubiriza Sata wari utaraheza ikiringo ciwe, aho yamurushije amajwi ibihumbi mirongo ibiri n’umunani gusa.

XS
SM
MD
LG