Uko wahagera

Rio 2016: Usain Bolt Aracari Uwa Mbere mu Metero 100


Ibaye intsinzi igira gatatu yikwirikiranya ya Usain Bolt mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olempike
Ibaye intsinzi igira gatatu yikwirikiranya ya Usain Bolt mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olempike

Usain Bolt wo muri Jamayike, aracari umunonotsi yuruka cane kurusha abandi kw’isi.

Yatsinze ihiganwa ry’ukwiruka imetero ijana ku musi w’Imana. Ibaye intsinzi igira gatatu yikwirikiranya mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olempike. Nta wundi munonotsi yari bwigere abishikako mu kwiruka imetero ijana.

Bolt, yatanguye ihiganwa atanyaruka cane, yamara yararenganye Umunyakerika, Justin Gatlin, bageze ku metero mirongo umunani. Yarangije mu masegunda icenda n’ibice mirongo umunani na kimwe.

Intsinzi ya Bolt, yatumye abantu isinzi bariko barorera ihiganwa ry’ukwiruka imetero ijana kuri televiziyo, ku murwa mukuru wa Jamaica, Kingston, berekana akamwemwe kenshi cane.

Usain Bolt, aracasigaje ayandi mahiganwa abiri, mu nkino mpuzamakungu za Olempike za Rio.

Ariko agerageza gutsinda incuro igira iya gatatu, mu kwiruka imetero amajana abiri, n’imitero amajana ane, umuntu agenda ahererekanya udukoni.

Yatangaje ko asigaje amahiganwa abiri, imbere yuko ahagarika kubandanya guhiganwa.

Imbere yaho, Umunyafrikayepfo, Wade van Niekerk, yatsinze ihiganwa ry’ukwiruka imetero amajana ane mu misegunda 43.03. Yarangije iryo higanwa mu mwanya utari bwashikweko imbere yaho. Yarushije umwanya Umunyamerika, Micheal Johnson, yagize mu mwaka w’i 1999.

Yarangije imbere ya, Kirani James, wo mw’izinga rya Grenade, yatahiye umudali w’umwakaka na LaShawn Merritt, wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatsindiye umudali wa bronze.

Mu yandi mahiganwa, umunyakenyakazi Jelagat Sumugongm niwe yatsinze ihiganwa rya marathon ku rwego rw’abpfasoni mu masaha abiri, iminuta mirongo ibiri n’ine n’amasegunda ane. Yarangije amasegunda icenda imbere ya, Eunice Kirwa, yavukiye mu gihugu ca Kenya, yamara aserukira, Bahrain. n'Umunyetiyopiyakazi, Mare Dibaba.

XS
SM
MD
LG