Uko wahagera

Nigeriya: Reta Iriko Igerageza Kuvugana na Boko Haram


Reta y’igihugu ca Nigeriya iriko ivugana n’umurwi Boko Haram, inyuma yuko amasanamu ya videwo mashasha aserutse ku rubuga ngurukanabumnyi, ku musi w’Imana.

Ayo masenamu yerekanye abanyeshule b’abigeme bagera kuri mirongo itanu banyurujwe mu mwaka w’i 2014. Umurwi Boko Haram, uvuga ko benshi muri abo bigeme bapfuye. Usaba gukaba abasigaye n’abanyororo bawo.

Ayo masanamu ya videwo amara iminuta cumi n’umwe, yashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi, YouTube, yerekana umuntu yambaye impuzu z’igisirikare ari kumwe n’abigeme batari bake basa n’abarushe, bamwe bicaye abandi bahagaze inyuma yiwe.

Avuga mu rurimi rw’igi Hausa, uwo muntu yambaye impuzu z’igisirikare asaba Reta ya Nigeriya kurekura abantu bapfungiye, mu bisagara vya Abuja, Lagos na Maiduguri.

N’ibintu umurwi Boko Haram waswavye imbere yaho.

Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko, ku neza y’abigeme b’abanyeshule banyurujwe kw’ishile yisumbuye ya Chibok, hageze ko Reta ya Nigeriya iganira n’umurwi Boko Haram.

Hafi y’abigemne 218, ku bigeme 276 banyurujwe n’umurwi Boko Haram, kw’ishule yo mu gisagara ca Chibok, mu buraruko bwa nigeriya, irengero ryabo ntirizwi gushika muri iki gihe.

Ivyo naho Reta ya Nigeriya imaze imyaka ibiri igerageza kubarondera.

XS
SM
MD
LG