Uko wahagera

USA: Imigumuko mu Gisagara ca Milwaukee, i Wisconsin


Abatagetsi bo mu gisagara ca Milwaukee baje kuraba sitasiyo yaturiwe n'abantu biyamiriza iyicwa ry'umwirabure kuwa gatandatu.
Abatagetsi bo mu gisagara ca Milwaukee baje kuraba sitasiyo yaturiwe n'abantu biyamiriza iyicwa ry'umwirabure kuwa gatandatu.

Mu gisagara ca Milwaukee, muri reta ya Wisconsin muri Leta zunze ubumwe z’Amerika amazu atandatu y’ubucuruzi yaraturiwe, imodoka z’igipolisi ziramenagurwa k’umusi wa gatandatu.

N’inyuma yaho igipolisi co mur’ico gisagara kirasiye umugabo w’umwirabure mw’ijoro ryo kuwa gatandatu bavuga ko yari yitwaje inkoho.

Abapolisi batari bake barakomeretse umwe akaba ababaye cane. Abantu batandatu baramaze guhagarikwa n’igiporisi.

Umukuru w’ico gisagara Tom Barret amenyesha ko abasirikare bajejwe gucungera umutekano mu gihugu bagiye kurungikwa guhagarika iyo migumuko.

Urwo rupfu rw’uwo mwirabure mur’ico gisagara ca Milwaukee, rukurikiye ubundi bwicanyi ku birabure bwabaye mu bisagara vya Baltimore, New York, Baton Rouge, Chicago, Furgeson muri reta ya Missouri

Umukuru w’igipolisi mur’ico gisagara Edward Flynn yavuze ko uwo mwirabure yishwe yar’afise imyaka 23 azwi kw’izina rya Sylville Smith kandi ko yar’amaze guhagarikwa n’igipolisi akatari gate. Umuporisi yamurashe yar’umwirabure nka we.

XS
SM
MD
LG