Uko wahagera

Iraki: Abarwanyi ba Peshmerga Batanguye Ibitero i Mosul


Abarwanyi b’Abakurde barwanira mu ntara ya peshmerga muri Iraki batanguye kugaba ibitero bafashijwe n’indege z’Amerika mu micungararo y’igisagara ca Mosul gisanzwe kiri mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Abategetsi bo mur’iyo ntara ya Peshmerga batangaje ejo kuwa mungu ko uduce tutari duke mu micungararo ya Mosul tumaze gufatwa.

Mosul n’igisagara kigira kabiri mu bunini muri Iraki, kimaze imyaka ibiri mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu. Abategetsi ba Iraki bari batangaje bafata ico gisagara uyu mwaka w'2016.

XS
SM
MD
LG