Uko wahagera

USA: Umu Imam n'Umufasha Wiwe Barishwe i New York


Igipolisi co mu gisagara ca New York muri Amerika kiriko kirarondera umugabo yarashe umunyedini w’umu isilamu hamwe n’uwo bafashanya ibikorwa vyo gusengesha bishwe k’umusi wa gatandatu bavuye mu masengesho.

Nta makuru y’ico boba barazize arashirwa ahabona ariko abaharanira agateka ka muntu hafi y’umusigiti barasiweko bavuga ko ubwo bwicanyi bwavuye k’urwanko.

Abantu bashika 100 baciye bakoranira ahabereye iryo bara basaba ko ubutungane bwokurikizwa. Igipolisi kimenyesha ko abo bantu barashwe mu mutwe, uwabarashe yaciye yiruka afise n’inkoho yiwe mu minwe.

Abo bagabo bo mw’idini rya Isilamu bishwe bari Imam Maulama Akon-jee w’imyaka 55 na Thara Uddin w’imyaka 64 bafashanya mu bikorwa vyo gusengesha k’umusigiti wo mu gisagara ca New York.

XS
SM
MD
LG