Uko wahagera

USA: Ibihe Bidasanzwe i Puerto Rico Kubwa Zika


Leta zunze ubumwe z’Amerika yarafashe ingingo yo gushira mu bihe bidasanzwe izinga rya Puerto Rico ryegukira Amerika k’umusi wa gatanu.

N’nyuma y’aho hagaragariye ko ikiza ca Zika kiriko kirandukira abantu k’urugero rudasanzwe mur’iryo zinga.

Abategetsi muvy’amagara y’abantu b’Amerika bamenyesha ko ica kane c’abanyagihugu imiliyoni 3.5 baba mur’iryo zinga rya Puerto Rico bazoba banduye uwo mugera gushika mu mpera z’uyu mwaka w’2016.

Abantu 1914 nibo bantu bashasha bamenyekanye ko bawanduye mu ndwi iheze, baca bashika ku gitigiri c’abantu ibihumbi 10,690 bawanduye kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Abarenga igihumbi mur’abo bose bari abakenyezi bibungenze.
Abahinga bamenyesha ko ibitigiri vy’abanduye bishobora kuba ari binini kuko ngo hari abataja kwisuzumisha n’aho baba bafise ibimenyetso vya Zika.

XS
SM
MD
LG