Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko Irasuzuma Irungikwa ry'Inteko za ONU


Umushikiranganji wa Sudani yo mu bumanuko ajejwe kumenyesha amakuru amenyesha reta yiwe iri I Juba igiye gukorana mu misi ya vuba kugira ifate ingingo ku cemezo ONU iheruka gufata co kurungika inteko 4000 zo mu karere I Juba.

Ico cemezo ca ONU cafashwe inyuma y’intambara zikomeye zabaye m’ukwezi guheze I Juba, zihitana abaharurwa mu majana barimwo n’abasirikare babiri b’abashinwa bo mu nteko zagiye kubungabunga amahoro.

k’Umusi wa gatanu kandi, ONU yaremeje integuro y’icemezo kigamije gufatira ibihano ku birwanisho reta ya Sudani yo mu Bumanuko mugihe yokwanka irungikwa ry’izo nteko.

Izo nteko zorungikwa k’umurwa mukuru Juba kandi zizoba zifise uburenganzira bwo gukoresha inguvu za gisirikare mu gihe bizoba bikenewe.

Umushikiranganji Michael Makuei ajejwe kumenyeska amakuru, avuga ko ico cemezo c’inama ya ONU ijejwe umutekano ar’ukurengera ubwigenge bw’igihugu ciwe.

XS
SM
MD
LG