Uko wahagera

Tayilande: Abantu 4 Bishwe mu Bitero vy'Amabombe


Amabombe atari make yaturikiye mu ntara ziri mu bumanuko bw’igihugu ca Thailand, kur'uyu musi wa kane n’uwa gatanu yahitanye abantu bane, abandi batari bake barakomereka.

Ayo mabombe yaturikiye mu kibanza kigenderwa n’ingenzi ca, Hua Hin, n’igisagara ca, Surat Thani, kiri kw’izinga rigenderwa n’ingenzi rya Phuket.

Umuvugizi w’igipolisi, Koloneli Krisana Pattanacharoen, yatangaje kur'uyu wa gatanu kw’igipolisi cemera kw' ivyo bitero vy’amabombe ar' igikorwa c’abantu baba mur'ako karere, kw’atari igikorwa ca Reta ya Kiyislamu.

Amenyesha kw’ivyo bitero ar' ukugerageza gutuma haba akajagari. Aribaza igituma ivyo bitero biriko biba mu gihe umutekano uriko utera ukomera mu gihugu, ubutunzi nabwo bwifashe neza hatibagiwe n’igisata c’ingenzi.

XS
SM
MD
LG