Uko wahagera

USA: Hillary Clinton Yarashikirije Imigambi Yiwe y'Ubutunzi


Umukandida w’Umudemokarate, muri Leta zunze Ubumwe z'Amerika, Hillary Clinton, yarashiskirije imigambi yiwe yerekeye ubutunzi, kur'uyu wa kane.

Amenyesha kw’imigambi yiwe izofasha igitigiri kinini c’abakozi b’Abanyamerika, mu gihe umukandida bahiganwa w’umurepublika, Donald Trump, afise imigambi y’ukugabanya amatagisi ku bakire nkawe.

Hillary Clinton, yashikirije imigambi yiwe yerekeye ubutunzi mu gisagara ca Warren, muri Reta ya Michigan. Ico gisagara kiri hafi y’aho Donald Trump, yashikirije, mu ntango z’iyi ndwi, imigambi yiwe y’ukugabanya bikomeye amatagisi y’amasosiyete akomeye, n’abantu bakomeye ku giti cabo.

Vyitezweko, Hillary Clinton, yifatira mu gahanga imigambi ya, Donald Trump, mu kuvuga ko izogira ingaruka zikomeye k'ubutunzi. Ivyo mu gihe imigambi yiwe yoshimikira ku vyerekeye kwongereza ubuzi n’imigambi igenewe gusanura amabarabara, ibiraro n’ibibuga vy’indege.

Mw’ikoraniro yagirishije, kuwa gatatu, muri Reta ya Iowa, Hillary Clinton, yatangaje kw’imigambi yiwe yerekeye ubutunzi izokwongereza ubuzi burenga imiliyoni cumi. Mu gihe yatangaje kw’imigambi ya, Donald Trump, izotuma Amerika itakaza ubuzi burenga imiliyoni zitatu.

XS
SM
MD
LG