Uko wahagera

PKK Yaba Yarahitanye Abantu 8 muri Turukiya


Mur Turukiya, abategetsi bavuga ko abantu bashika ku munani bapfuye abandi batari bake bagakomereka, mu bitero bibiri vyakozwe n’abagwanyi b’abakurude. Vyabaye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turukiya.

Abagwanyi bo mu mugambwe w’abakozi ba Kurdistan (PKK) nibo batumwako urutoke mur’ivyo bitero.

Ivyo bitero bikaba kandi vyabaye inyuma y’amasaha make habaye ubwicanyi bwagirwa abagwanyi bo mu mugambwe w’abakozi bo muri Kurdistan, bwabereye ku mupaka wa Iraki, buhitana abasirikare bane, abandi icenda barakomereka.

Nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru Anadolu ca Reta, kuva imishamirano y’umugambwe w’abakozi bo muri Kurdistan itanguye, abajejwe umutekano bashika ku 600 baramaze kuhasiga ubuzima, n’abandi ibihumbi n’ibihumbi vy’abanywanyi b’uyo mugambwe bamaze kwicwa. Imigwi y’abaharanira agateka ka zina muntu ivuga kandi ko abanyagihugu amajana n’amajana bamaze kuhasiga ubuzima.

Reta ya Turukiya n’abo bisanzwe bikorana, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bashira umugambwe PKK mu migwi y’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG