Uko wahagera

Libiya: Syrte mu Minwe y'Ingabo z'Igihugu


Igisirikare ca Libiya catangaje ko icicaro c’umugwi c’abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, gisanzwe kiri mu gisagara ca Syrte, ubu kiri mu minwe yabo. Ni mw’itangazo ryasohowe n’igisirikare ca na Reta ya Libiya.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarakoze ibitero vy’indege kur’ico gisagara ca Syrte gisanzwe gihana urubibe n’akarere abagwanyi ba Reta ya Kisilamu bakoreramwo ibitero. Abategetsi ba Amerika bavuga ko itigezi ikoresha abasirikare basanzwe bagwanira hasi ku butaka.

Gordon Trowbridge, ajejwe kumenyekanisha amakuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyavuzwe na benshi ku bijanye n’uko abasirikare ba Amerika bagwanye iyo ntamabara, atarivyo.

Trowbridge yavuze kandi ko uruhara gwa Amerika gwabaye ugwo gufasha mu buhinga bujanye no gutumbereza ibigwanisho vyo mu kirere, igihe igisirikare ca Libiya kibibasavye, hamwe n’ibijanye n’iperereza, no kwiga urubuga gw’intambara uko rumeze.

XS
SM
MD
LG