Uko wahagera

Amerika Yongereje Ibitero muri Libiya


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze gushika ubu kugira ibitero vy’indege z’ingwano incuro 28 kuri Reta ya Kiyislamu mu gikorwa ca gisirikare catanguye kw’italiki imwe y’uku kwezi kw’umunani
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze gushika ubu kugira ibitero vy’indege z’ingwano incuro 28 kuri Reta ya Kiyislamu mu gikorwa ca gisirikare catanguye kw’italiki imwe y’uku kwezi kw’umunani

Ukwiyongera kw’ibitero vy’indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Libiya, bishobora kuba intango y’igikorwa c’ukuca inkokora umurwi w’iterabwoba witwa Reta ya Kiyislamu. Ivyo mu gihe uwo murwi uriko ugerageza kugumya igice gikomeye wiziziye muri Libiya.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, vyatangaje kw’ibindi bitero vy’indege z’ingwano vyabaye, ku musi wa kabiri, mu bibanza vya Reta ya Kiyislamu, mu gisagara ca Sirte. Sirte n’igisagara gikomeye kiri ku nkengera z’ibahari Mediterane Reta ya Kiyislamu ikoreramwo ibirwa vyayo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze gushika ubu kugira ibitero vy’indege z’ingwano incuro 28 kuri Reta ya Kiyislamu mu gikorwa ca gisirikare catanguye kw’italiki imwe y’uku kwezi kw’umunani.

Ico gikorwa catanguye inyuma yuko bisabzwe na Reta y’ubumwe ya Libiya.

Umutegetsi umwe w’Umunyamerika, atashatse kw’izina ryiwe rimenyekana, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’inteko zidasanzwe za Amerika ziri mu karere ka Sirte. Yamara nta birenga aho yatangaje.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa vyose bifise inteko zidasanzwe, ku butaka bw’igihugu ca Libiya, aho ziriko zitegaurira gukorana kurushiriza.

XS
SM
MD
LG