Uko wahagera

Zambiya: Hashobora Kuba Ubwicanyi Imbere y'Amatora


Perezida wa Zambiya ahari muri iki gihe, Edgar Lungu
Perezida wa Zambiya ahari muri iki gihe, Edgar Lungu

Amatora mu gihugu ca Zambiya ariko arangwa n’ubwicanyi.

Perezida ahari muri iki gihe, Edgar Lungu wo mu mugambwe uri ku butegetsi, Patriotic Front, ariko ahiganwa bikomeye n’uwuyoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta, United Party for National Development, mu matora zoba ejo ku musi wa kane.

Lungu yatsinze n’amajwi makeyi Hichilema, umurwizatunganga bahiganywe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa mbere, umwaka w’i 2015.

Ayo matora yabaye inyuma y’urupfu, rwabaye giturumbuka, rwa perezida, Michael Sata.

Igikorwa c’ukwiyamamaza mu matora y’uno mwaka caranzwe n’ugutana mu itwe hagati y’abashigikiye iyo migambwe ibiri ikomye mu gihugu. Ivyo vyatumye umuyobozi w’urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora, ruvugako ubwicanyi bwabaye, butari bwibonekeza mu mateka y’igihugu.

Zambiya yabonwa nk’igihugu kirangwa n’amahoro na demokarasi, mu bitandukanye n’uko ibintu bimeze mu bihugu bibanyi vyo mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko.

Abitegerezwa ibintu bavuga ko uguhiganirwa kuba perezida kwegeranye cane.

Yamara bavuga ko hashobora kuba ubwicanyi n’uruhagarara.

Batangaza kw’ubwicanyi bufatiye kuri politike bukorwa n’impande zose

XS
SM
MD
LG