Uko wahagera

Inkino za Olempike ku Musi Ugira Gatanu


Michael Phelps
Michael Phelps

Kuri uno ugira uwa gatanu w’inkino mpuzamakxungu za Olempike amahiganwa akomeye atari make araza kuba.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziyobowe n’umunonotsi akomeye amaze igihe ahiganwa, Micheal Phelps ukina umukino wo koga n’umunonotsi ariko atera aba kirangiranwa, Katie Ledecky, baraza kuyobora umurwi w’abanonotsi b’Abanyamerika bazoba bariko barondera kubandanya baba imbere y’abandi mu mahiganwa y’ukwoga aza kuba uno musi ku wa gatatu.

Abanonotsi batandatu b’Abanyamerika baraza guhiganirwa imidali.

Uno musi kandi ku bakunzi b’umupira w’amaguru, Brezil iza guhura na Danemark aho itegerezwa gutsinda kugira igire amahirwe y’ukwunguruza mu gice gikwirikira. Brezil ntiyashoboye gutsinda mu nkino za mbere zayihuje na Afrika y’epfo na Iraki. Muri ico nkino zibiri yarangije ifise ubusa ku bundi.

Mu vyerekeye jiminastike, inyuma yuko umurwi w’abigeme b’Abayamerikakazi batwaye umudali w’inzahabu, abagabo baza guhiganwa uno musi.

Mu mupira w’amaboko wa basketaball, Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziza guhura na Australiya.

Umunyamerika Simone Biles
Umunyamerika Simone Biles

XS
SM
MD
LG