Uko wahagera

Etiyopiya: Abarenga 100 Barasize Ubuzima mu Myigaragamvyo


Igitigiri c’abapfuye mu migumuko yabaye mu ndwi iheze muri Etiyopiya vyashitse ku bantu ijana. Abantu baharurwa mu majana bavugwa ko bahagaritswe n’inzego z’umutekano mugihe abandi bavugwa ko bakomeretse.

Imyigaragamvyo yabaye mu ntara za Oromia na Amhara k’umusi wa gatandatu n’uwa mungu yahitanye abantu benshi abandi barakomereka. Amnesty International yashikirije igitigiri c’abapfuye gishika kuri 97.

Imigambwe itavugarumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahawe aharanira agatekaka ka muntu avuga ko abajejwe umutekano muri Etiyopiya bacucagiye amasasu ku bariko bigaragamvya mu mutekano.

Ariko reta yo ivuga ko bamwe mur’abo biyamamaza harimwo abitwaje ibirwanisho kandi kw’iyo myigaragamvyo itari yisunze amategeko.

Imyigaragamvyo yo mu ntara ya Oromia ifise inkomoko ku mugambi wa reta wo kwagurira imbibe z’umurwa mukuru mur’ico gisagara, umugambi ubandanya wiyamirizwa n’abanyagihugu.

Reta ya Somaliya ibandanya kugabisha abigaragamvya aho ivuga ko bishobora guhungabanya umutekano.

XS
SM
MD
LG