Uko wahagera

Turukiya: Amerika Isabwa Kwohereza Fethullah Gulen


Igihugu ca Turukiya cagabishije ko mugihe Leta zunze ubumwe z’Amerika itokwohereza Fethullah Gulen, mur’ico gihugu bishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Fethullah Gulen n’umunyedini yamuka muri Turukiya aba muri Amerika yagirizwa n’iyo reta kuba ariwe yagomvye gutembagaza ubutegetsi.

Umushikiranganji w’ubutungane muri Turukiya Bekir Bozdag yatangaje kuri televiziyo yo mur’ico gihugu ko mugihe Amerika itomwohereza bazoca bahagarika imigenderanire bafitaniye mu kurwanya iterabwoba.

Amerika hamwe n’abashingwamanza ba Gulen bamenyesheje ko reta ya Turukiya ata vyemeza iratanga vyerekana uruhara yagize mur’uko gushaka gusenyura ubutegetsi, ko adakwiye kwoherezwayo.

Umwe mur’abo bashingwamanza, Reid Weingarten, yavuze ko kubona abantu batabwa mu mvuto kubwinshi muri Turukiya vyerekana ko Gulen ata butungane nyabwo azoronka mugihe yokwoherezwaho.

Abantu bashika ku bihumbi 70 bagizwe n’abasirikare, abakora mu bucamanza, no mu nyigisho bafunzwe, abandi bakurwa m’ubuzi abandi baracariko bagirwako amatohozwa.

Abashika 270 nibo bapfuye abandi baharurwa mu bihumbi barakomereka mugihe hariko hageregezwa gutembagaza ubutegetsi mur’ico gihugu.

Gulen yarahakanye ko ata ruhara afise mur’uko gushaka gutembagaza ubutegetsi kandi ko nawe nyene yavyiyamirije.

XS
SM
MD
LG