Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Inteko Mvamakungu Zirakenewe Byihutirwa


Muri Sudani y’Ubumanuko, abavyihweza bavuga ko abariko barakurikirana umugambi w’amahoro muri’ico gihugu bategerezwa kwihuta bagashira mu ngiro ingingo zemejwe n’ibihugu vyo mu karere ka Afurika y’Ubuseruko, kur’uyu wagatanu, kugira hagarukanwe amahoro muri Sudani y’Ubumanuko.

Bavuga kandi ko Reta ya Sudani y’Ubumanuko iteregerezwa kwemera inteko mvamakungu.

Jaco Chol, arongoye urunani gw’abahinga muvya politike muri Kaminuza y’I Juba, avuga ko yashimye ingingo yafashwe n’ibihugu vyo mu karere, ku bijanye no kurungika inteko mvamakungu kugarukana amahoro n’umutekano muri Sudaniy’Ubumanuko.

Chol avuga ko ingingo zafashwe ataco zizomara igihe zitagiye mu ngiro. Kubwa Chol, iyo ngingo ntiyoroshe ku ruhande gwa Reta, ariko nk’uko abandanya kubivuga, n’ingingo izofasha kugarukana icizere hagati y’imigwi ishamiranye, bagasubira kuja hamwe, bagakorana.

Abarongozi bo mu karere ka Afurika y’Ubuseruko, barasavye kandi Riek Machar, Umushikiranganji wa mbere wa Sudani y’Ubumanuko, atawuzi irengero ryiwe kuva imishamirano itanguye mur’ico gihugu, kugaruka mu gihugu, agasubira mu mabanga yiwe, akanabandanya igikorwa c’amasezerano y’amahoro cateweko igikumu mu kwezi kw’umunani, kw’umwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG